4Avent a Complet

Published on August 2017 | Categories: Documents | Downloads: 46 | Comments: 0 | Views: 457
of 4
Download PDF   Embed   Report

Comments

Content

Kw’Isoko ry’Ubuzima mu muryango w’abakristu Diyoseze kuru ya Bujumbura Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 455 057 E-mail: [email protected] Site: www.isokoryubuzima.es.tl

" ’ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)

Igiciro 60 fr

Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ry’Imana mu misa no mu buzima

19/12/2010

Idominika ya kane y’ubushikiro – Umwaka A

°51/2010 Imana igirango ize, none tuzoyisanganira gute?

Hasigaye iminsi itandatu yonyene ngo akanyamuneza ka NOELI kadusage. Ndafise umugenzi akunda cane iyi sanamu mubona, hamwe na ya majambo dusanga mu gitabo c’ivyahishuwe, aho Imana ivuga iti: Raba, mpagaze ku rugi nuguruza; hagize uwumva ijwi ryanje akugurura urugi, nzokwinjira iwe, ngo nfungure, anyegere nanje ndamwegere (Ivyah. 3,20). Akanyamuneza ka Noeli gashingiye ku buryo Imana itwegereye, idukunda. Imana, si wa wundi bita “Muvyeyi oeli (Père oël)"azanwa no gutanga ibintu. Kuri Noeli, duhimbaza Imana yigize umuntu ngo itugabire ubuzima n’ubuhirwe bwayo. Imana mu kwitanga yigize nka twebwe; gurtyo ivyacu vyacitse ivyiwe. Uwukomerekeje umuntu aba akomerekeje Imana. Mu kwigira umuntu yatugize abana bayo. Umusi mukuru wa Noeli ntuherera mu kurya ibiryoshe no kwambara impuzu z’agaciro gusa, canke kugira ingendo zo kwinezereza ku kiyaga... Noheli, n’umusi w’ugutega amatwi Imana ikubwira mu gacerere iti: avuye mw’ijuru ngo mbane nawe, ngo uremeshwe n’igishika ngufitiye. Mur’iyi minsi itandatu dusigaje imbere ya Noeli, ni twitegurire guha ikaze Imana, tuzoyisanganire tuti: “ karibu, shika iwanje urisanze“. Tuzirikane mu Nkuru nziza ingene Imana yaje mu bantu. Dushime iteka Bikira Mariya yatewe mu kwibungenga Imana mu mbanyi yiwe ariko agaca bugufi, akagira urugendo rwa kure agamburukira Herodi. Dusabe Bikira Mariya ngo natwe aduhe guca bugufi, aduhe n’umutima w’urukundo rw’igishika nk’urya yari afise. Twitegurane igishika n’urukundo rwinshi mu kwirega neza; dutakambire Yezu tuti: “ Mukama Yezu, nturabe ububegito bwanje; n’umpe kugaya akabi kanje,

hanyuma untyororere umutima mw’isakramentu ry’Ikigongwe ry’Ikigongwe; kigongwe; niho uzoronk zoronka ronka ikibanza ciza muri jewe. Ko umuzo wawe ar’uwo kuduhuriza mu bu bumwe, n’udufashe n’udufashe kugendera kugendera ubumwe, maze tuzoshikire umusi mukuru wa Noeli turangwa n’ubwo bumwe bukomoka iwawe. N’udufashe ngo ku musi ku musi dufate dufate akanya akanya ko kuzirikana uko woshima gusanga twak twakwiteguriye witeguriye ku musi wa Noeli. Noeli.

Ikiganiro c’amatara. Kw’idoninika ya kane y’ubushikiro, mw’isengero bama batsa amatara ane. Umusi umwe rero, ayo matara yatanguye kuganira gurtya: Itara rya mbere: Jewe ndi itara ry’amahoro. Iyo hari amacakubiri n’inzigo, urubeya rwanje ntirwaka. Narihebuye itara ryanje rica rirazima. Itara rya kabiri: Jewe ndi itara ry’ukwemera. Ariko abantu benshi ntibanezwe ivyo ukwemera. Ntibarondera Imana. Barondera amafranga kuruta Imana. Nanje narihebuye, itara ry’ukwemera rica rirazima. Itara rya gatatu: Jewe ndi itara ry’urukundo. Si nkigira inguvu zo kwatsa urubeya rwanje. Benshi ni ba nyamwigendako. Ntibazi kuraba abandi bagowe, kandi babana hafi na hafi. Ntibazi akanyamuneza gatangwa n’urukundo. None ko batanshaka hinge nanje nizimire. Haca haza umwana avuga ati: Emwe mwa matara mwe, ko mujejwe kumurikira abantu mukaba mwarazimye, ni kubera iki? Erega mutegerezwa kwaka gushika ku muhero w’isi. Itara rya kane rica ryishura uwo mwana riti: Ntugire ubwoba, ko jewe Mizero ngifise urubeya, ndashobora kwaka. Tugifise umwizero, vyose birashobora kuronka umuco. Tuzigame umwizero kugira ngo amahoro, ukwemera n’urukundo bisayangane mu bantu.

Twumvirize iryo Imana ituyagira IDOMINIKA YA KANE Y’UBUSHIKIRO -A IGISOMWA CA MBERE: Iz. 7, 10-14 Umwigeme azokwibungenga Ivyo dusoma mu gitabu c'Umuhanuzi lzaya Muri irya minsi, Umukama yasubiriye kubwira Akazi ati « Saba Umukama Imana yawe akurungikire ikimenyetso kivuye hasi mu kuzimu canke hejuru mu kirere. » Akazi amwishura ati « Haba namba, sinoshobora kugerageza Umukama. » iho Izaya yavuga ati «Tega amatwi, muryango wa Dawudi, ntimurarambirwa n'ukuruhisha abantu, none mushaka kuruhisha Imana yanje. Umukama rero we nyene ubwiwe niwe azobihera ikimenyetso Umwigeme aribungenze azokwibaruka umwana w'umuhungu, amwite Emanueli. » IGISOMWA CA KABIRI: Rm 1, 1-7 Yezu Kristu yavutse mu muryango wa Dawudi, akaba ariwe Mwana w'Imana Ivyo dusoma mw'ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani : Jewe Paulo, umusuku wa Yezu Kristu, naratorewe ubutumwa, nsobanurwa mu bandi ngo menyeshe Inkuru nziza y'Imana. Iyo kuru nziza, nkuko abahanuzi babitubwiye kuva na kera mu Bitabu Vyeranda, Imana yarayitwemereye. Iyo kuru nziza yerekeye Umwana wayo yavutse mu muryango wa Dawudi kubw'umubiri, hanyuma arimikwa aba Umwana w'Imana ku bubasha bwa Mutima w'ubweranda kubera izuka ryiwe mu bapfuye. iwe Yezu Kristu Umukama wacu, We yaduteye iteka akadutuma kwigisha, kw'izina ryiwe, abapagani bo«Umukama rero we nyene ubwiwe niwe azobihera ikimenyetso umwigeme aribungenze, azokwibaruka umwana w'umuhungu, amwite Emanueli ». Iminsi isigave ngo duhimbaze umusi mukuru wa Noheli tuyiharurira ku ntoke ! Bamwe banwe bobo batanguye kurungikira udukarata tw'ivyifuzo vyi-za incuti n'abagenzi .Umwigeme aribungenze ! Uwo mwigeme ni Mariya mwene Yohakimu na Ana. Imana yaramugomwe iramutera iteka ryo gusangira nawe igi-korwa ceranda co kudukiza. Umuhanuzi Izaya yari ya-rabuye iryo teka ridasanzwe ryatewe Bikira Mariya ! Noheli buca duhimbaza, ni ikimenyetso c'urukundo rw'Imana isi yose yinovora kandi izoguma yinovora. Iryo teka si irya Bikira Mariya gusa, ni iry'abantu bose. Noheli buca duhimbaza, n’Inkuru nziza kw'isi yose. Nico gituma na Paulo Mweranda agaruka muri rino ba-ruwa twumvise yandikiye Abaromani kuri ico kinye-gezwa kidasanzwe ca Jambo yigize umuntu « Iyo Nku-ru nziza yerekeye Umwana wayo yavutse mu murya-ngo wa Dawudi kubw'umubiri, hanyuma arimikwa aba Umwana w'Imana ku bubasha bwa Mutima Mweranda kubera izuka ryiwe mu bapfuye. Niwe Yezu Kristu

se, ngo bamuyoboke bamwemere. a mwebwe mwahamagawe na Yezu Kristu, muri abo twatumweko. one mwese batoni b'Imana muri i Roma, mwebwe mwahamagariwe kuba beranda, mbipfurije urukundo n'amahoro y'Imana, ariyo Dawe wa twese, n'Umukama Yezu Kristu. INKURU NZIZA. Mt 1,18-24 Yezu azokwibarukwa na Mariya, umukunzi wa Yozefu wo mu muryango wa Dawudi Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditse Matayo g'ivyo ivy'ivuka rya Yezu Kristu uko vyagenze. Mariya, nyina wiwe, yari yasabwe na Yozefu; ariko imbere y'uko babana, yari yasamye imbanyi kubwa Mutima Mweranda. Uyo mugabo wiwe Yozefu yari umuntu w'ingingo, kandi ntiyashaka kumwararaza; niko kwigisha inama y'ukumuheba mu mpisho. Amaze kuvyiyumvira, intumwa y'Umukama iramubonekera ari mu ndoto, imubwira iti: «Yo-zefu, mwene Dawudi, ntutinye kubana na Mariya, umukenyezi wawe, iyo mbanyi afise yamutse kuri Mutima Mweranda ; azokwibaruka umwana w'umuhungu, izina uzomwita ni Yezu, kuko ariwe azokiza ibicumuro igihugu ciwe. » Ivyo vyose vyabaye ngo ijambo ry'Umukama ryari ryavuzwe n'umuhanuzi ritahe, ngo : « Umwigeme azosama imbanyi ayibarukemwo umuhungu, bazomwita Emanueli, n'ukuvuga Imana turi kumwe. » Yikanguye, Yozefu akora ico Umumalayika w'Umukama yari yamutegetse, ajana iwe umukenyezi wiwe. Umukama wacu ». Noheli buca duhimbaza? Ni igikorwa c'ikigongwe c'Imana yacu! Mariya yari yasabwe na Yozefu ariko imbere y'uko babana yari yasamye imbanyi kubwa Mutima Mweranda. Igihe Yozefu yibaza ko umugambi wiwe ubaye impfagusa kuko Mariya yibungenze atabimuharurako, niho Imana yamuhishuka mu ndoto umugambi wayo : «Yozefu mwene Dawudi, ntutinye kubana na Mariya umukenyezi wawe : iyo mbanyi afise yamutse kuri Mutima Mweranda ; azokwibaruka umwana w'umuhungu, izina uzomwita ni Yezu kuko ariwe azokiza ibicumuro igihugu ciwe ». Imana yo nyene niyo yahindukije ukundi umugambi wa Yozefu nawe aca aba Bashirahishize kugira Umwana w'Imana agire izina mu bantu abanje kwakirwa mu muryango wa Dawudi Yozefu umurezi wiwe akomokamwo.Yozefu rero mu kwemera kwiwe yagaragaje, yakiriye Umwana Yezu nk'ingabirano nyene. Kukaba nkako, uyo mwana Yozefu atewe iteka ry'ukwakira mu muryango wiwe kandi agaterwa iteka ryo kumwita izina, ni umwana w'umuhango. Imana rero iramukeneye nawe nyene mu kurangura umugambi wayo : ubwambere kugira akingire Mariya ntibahave bamufata uko atari ; ubwa kabiri kugira ahe izina uyo mwana mu muryango wa Dawudi, n'ukuvuga amubere umuvyeyi imbere y'amategeko ! None witegeguriye guhimbaza

noheli gute? Erega haraho twibuka kwifuriza gusa Noheli abandi, tukiyibagira mu kwirengagiza kwitegura ku mutima. Haraho twishinga kwiruka muri vyinshi tukibagira ikiruta ikindi. Yozefu na Mariya bompi

bariyoroheje binjira mu mugambi w'Imana bakira Yezu bamwiteguriye. Ese natwe botubera akarorero ntiturondere gushaza gusa ku mubiri ngo twibagire umutima wacu yifuza kuvukiramwo !

Mariya Mawe, n’ube ku musego w’abagwaye bo kw’isi yose : abariko baracikana, batakimenya ubwenge ; abariko barasamba ngo bacikane, abatacizeye gukira, abari mu marira y’ububabare, abadashobora kwivuza kubea ubukene. Mariya Mawe, guma impande y’abo bifuza gutambuka ariko batakibishobora, abotegerejwe kugum baryamye ariko bihata ngo barondere icobabeshaho kuko ata kundi bogira ; abaguma bagaragurikira ku gitanda kuko babuze uruhande boryamirako ngo baruhuke ; abamara amajoro n’ayandi badashobora gutora agatiro. Mariya Mawe, remesha abaremerewe n’imyitwarariko y’akaga imiryango yabo irimwo ; abategerezwa guheba imigambi yabo yabaye impfagusa ; abihebuye, babona ko ataco bakibereyeho ; abagararije n’abatuka Imana ; abatazi ko Yezu yababaye nkabo no kubwabo. Amen

IZAMBA YA YUBILE I GOZI Kw’igenekerezo rya 21 Munyonyo, twahimbaje umunsi mukuru wa Kristu Umwami w’abami. Uwo musi kandi ntiwari usanzwe kuri Dioseze ya Ngozi kuko ariho yari iramutse Ihimbaza Yubile y’imyaka 50 imaze yitwa Diyoseze, gusozera umwaka wahari-we aba-saseredoti hamwe rero n’ugutanga umwaka mushasha w’ubutumwa. Hari hadometswe amatara 50, ikimenyetso c’iyo myaka 50 ya Yubile. Umwungere wa Diyoseze ya Ngozi yaribukije ko ico gihe havukiye icarimwe amadiyoseze atatu: Gitega, Ngozi na Bujumbura, ari naco gituma uwo musi nyene muri Diyoseze Nkuru ya Gitega hariko harabera ibirori vyo kwigina Yubile y’imyaka 50 ibaye diyoseze, kuko imbere yaho zîtwa “intara z’ubutumwa za Papa”. Yarongeye aravuga ko muri iyo myaka 50 haranguwe ibintu bitari bike. Muri ivyo hari ukwitaho indero runtu n’indero rukristu, kwubaka amashure matomato n’ayisumbuye, harashinzwe ibiro bijejwe iterambere (BADEC), harabonetse abasaserdoti bashika 104 ubu abariho bashika 70 n’imisago ku bantu bashika imiriyoni n’igice baba muri diyoseze, haravutse umuryango w’abihebeye Imana(Bene Mariya) bitaho ingo n’imiryango, kuvura abarwaye n’ukurera imfpuvyi… Ati imyaka 50 yose! Diyoseze ni umu-ryango ukuze, harageze ko imenya kwitunganya, gutuganya ivyayo no gutunganiriza abayo; Ni nayo ntu-mbero nyamukuru y’umwaka mushasha w’ubutumwa yatanze uwo musi nyene. Iyo ntumbero yayivomye ubwambere mu mutima wiwe ka mwungere wa Diyoseze, mu vyiyumviro vya nyakwigendera Papa Yohani Paulo wa II no mu vyiyumviro vy’inama y’umuryango wa Diyoseze baheruka kugira. Mu gu-sozera, umwungere wa Diyoseze ya Ngozi yaciye asaba Umunyamabanga wiwe patiri Melchiade MINANI gusomera abari aho Ingingo zishinga ama Paruwase atandatu mashasha: Gashikanwa, Gicumbi, Gitwenzi, Mugogo, Rubungu na Rwegura yiyogera kuyari ahasan-zwe. Tubamenyeshe kandi ko kuri uwo musi nyene, hariho abakristu bahimbaje Yubile y’imyaka 50 bamaze baronse Ibatisimu, abandi imyaka 25 bamaze buba-tse rukristu; emwee! vyari bihimbaye caaane. Paruwase nshasha zari zihejeje gushingwa nazo ziti twatanzwe gukengurukira Imana, zica zirashikanira Imana ziserukiwe na Paruwase Gashikanwa, Patiri mukuru aja imbere abakristu aragi-jwe barakurikira, baratamba baratarika bakenguruka izo ngabire z’ama Paruwa-se mashasha. gomba kugukengurukira: Mana yanje, haraheze imisi, ubwo ntusanga ndakumena amatwi buhorobuhoro n’ibintu vyinshi ngushikiriza, ivyo ndagusaba n’ingene ndagutakambira? Nama ndi ngaho imisi yose nk’umwana yafyinishijwe ndagusega inema, ingeso nziza, ubweranda, akazuba, imvura, amafaranga, ukugenderwa kenshi n’ibindi. Mana yanje, uyu musi ngomba kukuvugisha ukundi, ngomba kugukengurukira. Urakoze Mana yanje, ko uri ngaha hafi yanje ukaguma unyitwararika,Urakoze Mana yanje, ko unkunda ukwo ndi kwose; Urakoze Mana yanje, ko unkunda gushika gupfa; Urakoze Mana ko uri Imana nya Mana.

Usabire bagenzawe bitiranwa n’abo beranda Umusi Kuw’Imana 19/12

Kuwa 1, Kuwa 2, Kuwa 3, Kuwa 4, Kuwa 5, Kuwa 6,

20/12 21/12 22/12 23/12 24/12 25/12

Aberanda dusaba Anastazi Zenon Petero Kaniziyo Fransisko Kabrini Yohani w’i Kenti Adela Umusi mukuru wa Noeli

Injili y’uno musi Matayo 1, 18-24 Bazomwita Emanueli, “Imana turi kumwe”

Luka 1, 26-38 Luka 1, 39-45 Luka 1, 46-56 Luka 1, 57-66 Luka 1, 67-79 Yoh1, 1-5.9-14

Jewe nd’umusavyi w’Umukama Urahiriwe wewe wemeye ivyo watumweko n’Umukama Umutima wanje uraninahaza Imana Ivuka rya Yohani Batista Umukama Imana y’Israeli n’ahezagirwe Jambo yarigize umuntu abana natwe

gira nivuge amazina, ngira nsemerere, mpayagize Imana yanje; maze bose bavyumve. Iyo Mana Muremyi wanje, yarandemye ingira umuntu impa agashusho kayo, inshira mu rukundo rwayo. Ariko narabaye imburabugirire ndikura ku rukundo rw’Imana nishinga ibintazi; nishinze kuryoherwa n’ivyisi nja kure yayo. Erega ntiyampebeye mu bubisha bwanje. Yo nyene ubwayo, muri Yezu Kristu, yarashimye kunkura mu buja bw’igicumuro, yigira umuntu, iza kuba kw’isi. Ewe Yezu warakoze, wankuye kure. Iyo ataba wewe mba ndi ikimaramare. Waransubije muzima uransubiza itoto, umubiri n’umutima. Ubu ndasimba nk’ingeregere mu kukuninahaza. Nzohezagira izina ryawe ntahengeshanya, nzokumenyesha abatakuzi bakumenye, nabo bakuninahaze. Bantu mwese iyo muva mukagera, nguyu umucunguzi wanyu; ntimukiganyire, ni mutambe mutarike araje kubakiza, araje kubarokora. Yezu, Emmanueli ariwe Mana mu bantu, niwe ntsinzi yacu. Ingo Mukama Yezu, ingo mu mitima yacu yakomeretse, yasaragaye, uyitenge, uyivure. Ingo mu Burundi bwacu uduhe gusubiza hamwe, ahari amacakubiri tuhashire ubumwe, ahari urwanko habe urukundo, ahari inzigo habe ikigongwe, ahari ubunebwe habe umwete. Ingo Yezu, usubize itoto imitima yacu, iguhindukirire. Urakoze Mukama Yezu.

Mwaramutse Bikira Mariya, Mariya,

wewe wuzuye ubuzima, wuzuye akanyamuneza. Umukama muri kumwe. Watowe n’Imana ngo utuvyarire umukiza. Ntivyari vyoroshe kwemera kwibungenga umuremyi wawe. Ntivyakworoheye no kumwibarukira mw’isenga ry’ibuye, ukamuryamika mu bwato bw’inka. Mu nyuma ugaca umuhungana mu Misri. Ukwemera kwawe kwabaye ishingiro ry’ukwemera kwacu. Urahezagiwe mu bandi bagore bose, abo mu bisagara canke mu mitumba, abatamba n’abaririmba, abitonda n’ababemba, abagwaye n’abakomeye, abihebuye n’abizeye. Uri umwe muri bo, ariko usumvya bose ubutore. Umwana w’inda yawe Yezu arahe-zagiwe. Wareranye igishika umwana w’Imana. Iminwe yawe yarahezagiwe kuko yateruye Umwami w’amahoro. Mariya mweranda nyina w’Imana dusabire twebwe bononyi ubu n’umusi tuzopfa. Uratwitwararitse mu mitwaro yacu, ukadushikanira kwa Yezu ibisabisho vyacu. Himbarwa Mariya ko wavuze uti: ego, ukatwugururira inzira y’urukundo, akanyamuneza n’umwidegemvyo. Dufashe kwakira umwana wawe, tugendere mw’ishaka ryiwe.

Kaze Yezu kaz’utwungire ubumwe kaze!!! Twubats’umuryango umwe kaze, umuryango w’abakristu kaze, ariwo Ekleziya kaze Kenshi karaducamwo kaze, tukaryana tutoryanye kaze, twiyambitse Kristu umwekaze Ibidutanya n’ibiki kaze, n’ingeso mbi zituganza kaze, zigahungabany’ubumwe kaze Kaz’utubohore kaze, urupfu n’igicumuro kaze, ubusuma n’ubunebwe kaze Kaz’utubohore kaze, inda mbi be n’umwikomo kaze, ubwicanyi n’ikinyoma kaze Kaz’utubohore kaze, inzigo n’ubugunge, ishari n’ibihuha kaze Kaz’utubohore kaze, kubandwa no kuraguza kazem guseng’ibigereranyo kaze Kaz’udukomezemwo kaze, ubutungane n’ukuri kaze, ubumwe n’urukundo kaze ABARUDI BARAZI GUTWEZA: Umukecuru impuzu z’abakera, aca aragenda ku kibuga c’inkino. w’imyaka 70 yumvise mw’iradiyo y’Uburundi itanYabaye agishika aca yitera mu bandi bigeme, umugabo gazo rivuga riti: Biramenyeshejwe ko ku ajejwe ihiganwa amubonye aca araza kumuw’Imana uza hazoba ihiganwa ry’abakobwa tora. Bigiye imbere amubaza ati: Mbega beza, uwuzoba uwa mbere mu bwiza azoronyoku, nawe waje guhiganwa mu bwiza? nka agashimwe k’amafranga angana n’umuUr’uwundi ati: Ego cane! Wa mugabo ati: riyoni n’igice. Uno mukecuru niko kwivugaErega urashaje ntawogucagura! Wa mukena ati: Ayo mafranga ndumva ko ari jewe curu ati: (tubona none ko wewe wahejeje nzoyatahana! Umunsi w’ihiganwa ugeze, yambara kuncagura!

Sponsor Documents

Or use your account on DocShare.tips

Hide

Forgot your password?

Or register your new account on DocShare.tips

Hide

Lost your password? Please enter your email address. You will receive a link to create a new password.

Back to log-in

Close